Inyuma y’imisi ibiri mu gihugu c’Uburundi aho yashoboye kugendera ibisagara vya Gitega, Muyinga na Ngozi bitegekanijwe kwakira ihiganwa rya CECAFA ry’abaterenza imyaka 17. Nicholas Musonye, umunyamabanga mukuru wa CECAFA yamenyesheje ko ibisabwa kugira iryo higanwa rishobore kubera mur’ivyo bisagara bikwiye aca yongera amenyesha icese ko rizoba hagati y’igenekerezo rya 1 n’irya 15 Ndamukiza uyu mwaka. Tugaruke kuvyo yashikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru imbere y’uko aja gufata indege imusubiza muri Kenya.
Nicholas Musonye ati : “Iri higanwa rigenze neza, n’iry’abakuze ryo mu 2019 rizoca ribera mu Burundi”
1. Yashimiye abarongozi b’ishirahamwe FFB kuba barasavye ko Uburundi bwokwakira ihiganwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17, aca anabakeza ku kigoro bamaze kugira harimwo n’intambwe bashitseko yo kuronka ibibuga biteye igomwe hagati mu gihugu.
2. Yamenyesheje yuko ibibuga Urukundo i Ngozi n’Umuco i Muyinga bifise ibisabwa vyose kugira vyakire ihiganwa, haba ku musezero bifise, izindi nyubakwa zo mu kibuga zijana n’ivy’inkino canke mu mazu y’Uburaro yo mur’ivyo bisagara. Ku bijanye n’i Gitega, yamenyesheje yuko ikibuga ubwaco kimeze neza ariko ko hakenewe gusubirwamwo ubwiherero n’izindi nyubakwa zo ku kibuga zituma cokwakira inkino. Yaciye agirako amenyesha ko indogozi zo mu ntara ya Gitega n’imvukira yahasanze bahavuye bemeye ko mu kwezi kwa Ntwarante bazoba barangije gutunganya ivyo bikenewe vyose.
3. Yamenyesheje ko imboneshakure Azam TV isanzwe ifitaniye amasezerano na CECAFA yemeye kuzokwerekana inkino z’iryo higanwa, aca agirako ahamagarira abamenyeshamakuru gukora ibishoboka vyose ngo iryo higanwa rimenyekanishwe, ryongere rishigikirwe n’amashirahamwe y’ubudandaji mu ntumbero yo gufata mu mugongo integuro n’ishingwa mu ngiro yaryo.
4. Yamenyesheje kandi ko iri higanwa ry’abatarenza imyaka 17 ni ryagenda neza, ishirahamwe CECAFA rizoca riha Uburundi gutunganya ihiganwa ry’abakuze CECAFA Senior Challenge Cup 2019, ihiganwa ritari bwigere ribera mu Burundi.
5. Yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru, yasozereye amenyesha ko ishirahamwe CECAFA rizorikanura cane mu bijanye no gukurikiza imyaka, mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rya CECAFA U17 ryo kurondera amatike abiri y’akarere yo gukina CAN U17 2019. Iryo higanwa ryo kurondera amatike rizobera muri Tanzania muri Myandagaro 2018, irya CAN U17 2019 naryo nyene rizobera mur’ico gihugu, kakaba ar’akaryo keza ku migwi yo mu karere izoronka amatike yo kuryitaba. Yongeye arakeza anasaba indogozi z’igihugu kubandanya zitanga mu gushigikira umupira w’amaguru mu Burundi, kimwe mu bihugu bifata iyambere mu mpano y’urwo rukino nk’uko yasozereye avunira akagohe abari ngaho.
Amakuru dukesha ishirahamwe FFB atumenyesha yuko ikibuga c’i Bujumbura kitashizwemwo mu bizokwakira iryo higanwa, bivanye n’uko mu kwezi kwa Ndamukiza 2018 kizoba kiriko kirasubirwamwo, ibikenewe kugira ico gikorwa gishoboke bikaba bisa n’ivyamaze gutungana.