Abakinyi bakomoka mw’ishure Le Messager (Académie Le Messager) barabandanya kwizerwa n’abamenyereza b’imirwi nserukiragihugu Intamba Mu Rugamba.Inyuma ya Onésime Rukundo (Messager Ngozi) na Abdoul Karim Barandondera(Flambeau du Centre) bari mu Ntamba z’abatarenza imyaka 20 mu gihugu ca Niger mu nkino z’igikombe ca Africa,abandi bakinyi batanu (5) bo muri iryo shure baraye batumweko mu murwi Nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23 bagiye kwitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Congo Brazzaville mu gice kigira kabiri c’ihiganwa rya Africa ry’abatarenza imyaka 23.Umurwi Messager Bujumbura naho uri mu kibanza ca nyuma mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere ukaba userukirwa n’abakinyi batatu aribo :
- Kanyamuneza Aimé Christian,
- Kubuntu Ismail na
- Gakiza Aimé
Umurwi Messager Ngozi nawo ukaba waserukiwe n’abakinyi babiri bose b’abasatirizi, abo nabo ni :
- Iddy Museremu na
- Bayizere Olivier
Abakinyi 21 bari kuri urwo rutonde bakaba bavuye mu mirwi yose hamwe 10 ikina icicaro ca mbere hano mu Burundi, Vital’o ifisemwo 4 ikaba ariyo ifise benshi :
-Vital’o (4)
- Ndizeye Samuel
- Rugerinyange Joseph
- Dusabe Olivier
- Moussa Muryango
-Messager Bujumbura (3) :
- Kanyamuneza Aimé Christian
- Kubuntu Ismail
- Gakiza Aimé
-Bujumbura City(3) :
- Ndikumana Moussa
- Harerimana Emmanuel
- Nahimana Guy
-Musongati (3)
- Musore Aaron
- Kashindi Joseph
- Ndikumana Chris
-Messager Ngozi(2) :
- Museremu Iddy
- Bayizere Olivier
-Rukinzo(2):
- Tuyinge Yasser
- Nshimirimana Ismael
-LLBS4Africa (1):
- Bankagakura Bosco
-Aigle Noir (1):
- Ndayishimiye Yussuf
-Kayanza United (1):
- Ndayikeza Abdi
-Athletico Olympic (1):
- Issa Hubert
Imyimenyerezo ikaba izotangura kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2019.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager