nyuma y’akaruhuko gato k’indwi zigera kuri zitatu yari amaze ari mu gihugu c’amavukiro, umukinyi w’intamba mu Rugamba Enock Sabumukaba yahavuye afata urugendo mw’ijoro ryakeye ryo kuri uyu wa 13 Nzero umwaka w’2018 asubira mu gihugu ca Zambia aho asanzwe akina mu mugwi Zesco United wo mri ico gihugu.
Mu rugendo rwiwe, Sabumukama Enock akaba ngo yagize amahirwe y’ukubonana n’umukinyi akomeye cane azwi kw’izina rya Samuel Et’oo bakaba ngo bahuriye ku kibuga c’indege JKIA (Jomo Kenyatta International Airport) co ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Enock Sabumukama aca abona akaryo ko kwifatisha amasanamu ari kumwe na Samuel Et’oo.
Enock Sabumukama akaba yari yerekeje mu gihugu ca Zambia aho asanzwe akinira mu mugwi Zesco United nayo Samuel Et’oo akaba nawe ngo yari yerekeje mu gihugu ca Africa y’epfo.