Kur’uno wa 10 Nzero 2018 kuri Hôtel Source du Nil niho hatunganywa itombora ry’uko imigwi 65 yiyandikishije mu gikombe c’Umukuru w’Igihugu izohura mu nkino zambere hongera hashikirizwa amategeko azogenga iryo higanwa, inkino zambere zikaba zizotangura hagati y’amagenekerezo ya 2 na 5 Ruhuhuma 2018. Tugaruke ku vyavuye mur’ico gikorwa co gutora uko imigwi izohura carimwo no gushira ahabona amategeko azogenga ihiganwa.
migwi 65 niyo yiyandikishije
Mur’iki gikombe c’Umukuru w’Igihugu, hiyandikishije imigwi 65, mur’iyo hakaba harimwo 16 yose yo mu cicaro cambere na 16 yose yo mu cicaro ca kabiri, iyisigaye ikaba igizwe n’imigwi iserukira ama komine atandukanye mu gihugu n’imigwi y’amashirahamwe y’abakunzi b’umupira bagiye hamwe, iyo bita « clubs corporatifs » mu kinofunofu :
1. Aigle Noir FC
2.Messager Ngozi FC
3.Messager Bujumbura
4.Olympic Star FC
5.Flambeau du Centre
6.Flambeau de l’Est
7.Les Jeunes Athlétiques
8.Les Lierres
9.Bujumbura City
10.Magara Star
11.Unité FC
12.Moso Sugar
13.Kayanza United
14.BUMAMURU
15.B.S.Dynamic
16.Rusizi FC
17.Busoni Star
18.Les Crocos
19.Aigle Noir de Kigwena
20.Santé FC de Ngozi
21.Pigeon du Centre (Mwaro)
22.Malaïka FC (Karusi)
23.Top Junior (Kayanza)
24.Panthère FC (Cankuzo)
25.Ruyigi City (Ruyigi)
26.Lumière de Moso (Ruyigi)
27.Freedom (Ruyigi)
28.New Oil FC (Mairie)
29.Matana FC (Bururi)
30.Club de Kiremba (Bururi)
31.J.E.C.A Régina Mundi (Mairie)
32.Commerçants FC de Ngozi
33.Kiganda City de Muramvya
34.Muramvya City
35.Agakura FC
36.Etoile du Nord (Ngozi)
37.Lumière de Mwumba (Ngozi)
38.Athletico Olympic
39.Delta Star
40.Inter Stars
41.Lydia Ludic
42.Musongati
43.Ngozi City
44.Vital’O FC
45.Espoir FC
46.Les Elephants
47.Muzinga FC
48.Rukinzo FC
49.Rumonge City
50.Transport
51.Volontaire
52.Mapenzi FC de Mutimbuzi
53.Magara Young Boys
54.Étoile de l’Aube de Ruyigi
55.Intaramvyi de Ruyigi
56.Bweru de Ruyigi
57. Butaganzwa
58.Kalifumu de Karusi
59.New Force de Makamba
60.Butare City de Kayogoro
61.Les Envoyés de Cibitoke
62.Bio-Énergie
63.Gatete Fc
64. Santos Fc
65. Gitaza Fc
Amategeko azogenga ihiganwa n’uko ijonjora nyezina ryagenze
Yussuf Mossi arongoye igisata co gutunganya inkino muri FFB yafashe akanya ko gusigurira abashitsi ukuntu ihiganwa ry’uno mwaka ritunganijwe:
Umugwi wa Olympic Star watahukanye igikombe c’umwaka w’2017 uzorindira uwuzotsinda hagati ya Santos na Gitaza Fc yiyandikishije kwitabira izo nkino mu nyuma. Imigwi izoca isigara ari 64 yose hamwe maze ikine inkino 32.
Munkino z’igice ca 32, ica 16 n’ic’8 gishira icanyuma, imigwi izokinira ku kibuga kititirirwa umugwi numwe (terrain neutre) urukino rumwe hama iyizotsinda ibandanye. Nta mwanya w’inyongera w’iminota 30 (prolongation) uzoba uhari bazokina iminota 90 banganije bace batera penalties. Imigwi 8 izorengana mugice ca kane gishira icanyuma (1/4 finale) n’ibikurikira izokina iminota 90, inganije bakine iyindi 30 ,binaniranye kandi ice itera penalties.
Uku niko imigwi izohura mugice ca 32 gishira icanyuma:
Makamba New Force – Kayanza Utd
Kiganda city – Vital’o fc
Les Éléphants – New Oil
Rumonge city – Kalifumu
Buja city – Magara Young boys
Messager Bujumbura- LLB S4a
Flambeau de l’Est- Moso sugar
Les Crocos – Etoile du Nord
Ruyigi city – Athletico Olympic
Bumamuru fc – Magara star
Musongati Fc – Ngozi city
Busoni star – Les envoyés
Volontaires Fc – Les Commerçants de Ngozi
BS Dynamik – Lumières du Moso
Panthères – Butare City
Muramvya city – Jecca Regina Mundi
Kiremba Fc – Intaramvya
Pigeons du centre – Butaganzwa
Transport fc – Bweru Fc
Muzinga Fc – Mapenzi Fc
Unité fc – Rukinzo Fc
Santé de Ngozi – Espoir Gatumba
Étoile de l’aube de Butezi – Matana Fc
Rusizi Fc – Delta star
Flambeau du centre – Aigle noir (The Fighters)
Aigle noir Kigwena – Les Lierres
Les Jeunes athlétiques – Lumières de Mwumba
Inter star – Top Junior
Agakura Fc – Messager Ngozi
Freedom Gisuru – Gatete Fc
Malaika Fc – Bioénergie
Olympic star – (Santos Fc – Gitaza Fc) .
Inkino zitatu nizo zizohuza imigwi yo mu cicero cambere, izo nazo akaba ari Messager Buja-LLBS4A, Flambeau du Centre-Aigle Noir na Musongati-Ngozi City. Ntamukinyi ari munsi y’imyaka 17 azokina , abakinyi 30 nibo bemewe kuri buri mugwi bakaba bazokina bafise udukarata tubaranga tuzotangwa na FFB. Imigwi yasabwe gutegekanya imyambaro ibiri ibiri idasa. Inkino zose zambere zizokinwa isaha umunani (14h00′) kugira batange akanya kumigwi