Umurwi Messager Bujumbura ni umwe mu mirwi itariko iroroherwa n’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere rya hano mu Burundi ry’uno mwaka wa 2018 ushira 2019,na cane cane agace ko gutangura kakaba ariko kagoye uwo murwi.Mu nkino 15 z’ako gace,(phase aller) uwo murwi washoboye gutsindamwo urukino rumwe rwo nyene,unganya inkino  5 wongera utsindwa Inkino 9 zose.Ivyo bisigurako ku manota 45 akinirwa mu gace kamwe,Messager Bujumbura washoboye kuronka amanota 8.Uku niko inkino zagenze :

-Umusi wa mbere : Flambeau du Centre 0-1 Messager Bujumbura,Ingoma

-Umusi wa 2: Messager Bujumbura 1-2 Musongati,P Louis

-Umusi wa 3 : Olympic Star 3-2 Messager Bujumbura,Umuco

-Umusi wa 4 : Messager Bujumbura 0-2 Bumamuru,P Louis

-Umusi wa 5 : Bujumbura City 0-0 Messager Bujumbura,P Louis

-Umusi wa 6 : Messager Bujumbura 1-1 Vital’o, P Louis

-Umusi w’7: Messager Bujumbura 2-2 LLBSports4Africa, P Louis

-Umusi w’8: Messager Bujumbura 0-1 Athletico Olympic,P Louis

-Umusi w’9 : Aigle Noir 5-2 Messager Bujumbura,Ingoma

-Umusi w’10 : Messager Bujumbura 0-1 Rukinzo FC,P Louis

-Umusi wa 11: Kayanza United 2-1 Messager Bujumbura, Urukundo

-Umusi wa 12:Les Lierres 2-1 Messager Bujumbura Louis

-Umusi wa 13 : Messager Bujumbura 1-2 Messager Ngozi Louis

-Umusi wa 14: Ngozi City 1-1 Messager Bujumbura, Urukundo

-Umusi wa 15:Messager Bujumbura 1-1 Flambeau de l’Est, P Louis

 

Ico bikoze,mu gace ko gusubiriza k’iryo higanwa nuko uwo murwi Messager Bujumbura uriko uragerageza kwikura mu kibanza ca nyuma kuko mu nkino 6 z’ako gace imirwi yose imaze gukina,Messager Bujumbura umaze gutsindamwo 3 wongera utsindwa zitatu nyene,bisigurako ufise amanota 9 kuri 18.Vyumvikanako ayo manota 9 asumba 8 yonyene uwo murwi wari waronse mu nkino 15 zose z’agace ko gutangura.Inkino zagenze uku gukurikira :

-Umusi wa 16 : Flambeau de l’Est 1-0 Messager Bujumbura, Urumuri

-Umusi wa 17: Messager Bujumbura 2-1 LLBS4Africa,P Louis

-Umusi wa 18: Messager Bujumbura 1-0 Bujumbura City, P Louis

-Umusi wa 19: Messager Bujumbura 1-4 Ngozi City, P Louis

-Umusi wa 20: Messager Bujumbura 2-1 Bumamuru, P Louis

-Umusi wa 21: Athletico Olympic 3-1 Messager Bujumbura Louis

 

Muri rusangi umurwi Messager Bujumbura ufise amanita 17 mu nkino 21 mu kibanza ca 16 arico ca nyuma mw’ihiganwa,inyuma ya Athletico Olympic w’15 n’amanota 23.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire