Umurwi Messager Ngozi ari nawo ufise igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere ca hano mu Burundi, uriko uragerageza kwegereza mu bibanza vy’imbere mw’ihiganwa ry’uno mwaka mugihe mu gace ka mbere karyo (phase aller) waronse amanota make cane (16 kuri 45 akinirwa) kuko mu nkino 15 z’ako gace uwo murwi watsinzemwo 4 zonyene, unganya zine nyene ariko utsindwa izigera ku 7 zose.Uku niko izo nkino zagenze :
-Umusi wa mbere : Messager Ngozi 2-0 Flambeau de l’Est, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 2 : Les Lierres FC 1-1 Messager Ngozi, Urunani(Cibitoke)
-Umusi wa 3 : Messager Ngozi 1-2 Vital’o, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 4 : Aigle Noir 2-0 Messager Ngozi, Ingoma(Gitega)
-Umusi wa 5 : Messager Ngozi 1-4 Musongati, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 6 : Athletico Olympic 1-2 Messager Ngozi, Prince Louis(Bujumbura)
-Umusi w’7: Messager Ngozi 0-0 Kayanza United, Urukundo (Ngozi)
-Umusi w’8: Ngozi City 3-1 Messager Ngozi, Urukundo (Ngozi)
-Umusi w’9: Messager Ngozi 0-1 Bujumbura City, Urukundo (Ngozi)
-Umusi w’10: Messager Ngozi 0-0 Olympic Star, Urukundo (Ngozi)
-Umusi wa 11: Rukinzo 3-0 Messager Ngozi, P Louis (Bujumbura)
-Umusi wa 12:Messager Ngozi 3-3 Flambeau du Centre, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 13 : Messager Bujumbura 1-2 Messager Ngozi Louis(Bujumbura)
-Umusi wa 14 : Messager Ngozi 2-1 Bumamuru, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 15 :LLBS4Africa 1-0 Messager Ngozi Louis(Bujumbura)
Inyuma yo kuronka umumenyereza mushasha Jimmy Ndayizeye,ibintu vyarahavuye birahinduka naho vyafashe akanya,icizere kiraheza kiraboneka.Ikivyerekana nuko mu nkino 6 z’agace ko gusubiriza(phese retour) imirwi yose imaze gukina,umurwi Messager Ngozi utaratsindwamwo na rumwe ,ni ukuvuga ko umaze gutsinda 4 unganya 2,ivyawuhaye amanota 14 ayo nayo akaba yegereye cane 16 uwo murwi waronse mu nkino 15 zose z’agace ko gutangura(phase aller).Uku niko izo nkino zagenze :
-Umusi wa 16 : Messager Ngozi 1-0 Rukinzo, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 17 : Kayanza United 0-1 Messager Ngozi, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 18 : Messager Ngozi 3-1 Les Lierres, Urukundo(Ngozi)
-Umusi wa 19 : Musongati 1-1 Messager Ngozi, Ingoma(Gitega)
-Umusi wa 20 : Flambeau de l’Est 0-0 Messager Ngozi, Urumuri(Ruyigi)
-Umusi wa 21 : Flambeau du Centre 0-2 Messager Ngozi
Bibandanije gurtyo, uwo murwi urashobora kuzorangiza ihiganwa uri mu bibanza bine vya mbere nkuko ariyo ntumbero y’abawurongoye, ni mugihe ugeze mu kibanza ca 6 n’amanota 30 inyuma ya Bujumbura City nawone ufise amanota 30 mu kibanza ca 5.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager