Ukungene ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere hano mu Burundi ririko riragendera umurwi Flambeau du Centre ntibitandukanye cane nuko ririko riragendera iyindi mirwi yo mw’ishure Le Messager ariyo Messager Ngozi na Messager Bujumbura.Ico iyo mirwi yose ihurirako kukaba ari uko agace ka mbere k’ihiganwa iyo mirwi vyayigoye cane kuko ata murwi n’umwe washoboye gutsinda inkino 5 kuri 15,ariko ku nkino 6 z’agace ko gusubiriza buri murwi muri iyo itatu uramaze gutsinda n’imiburiburi inkino 3.Mu gace ko gutangura,umurwi Flambeau du Centre washoboye gutsinda inkino 2 zonyene kuri 15,wanganije inkino 7 wongera utsindwa inkino 6,bisigurako ako gace kaheze ufise amanita 13 kuri 45.Uku niko izo nkino zagenze:

-Umusi wa mbere:Flambeau du Centre 0-1 Messager Bujumbura, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 2 : Aigle Noir 5-2 Flambeau du Centre, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 3 : Flambeau du Centre 0-3 Musongati, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 4 : Flambeau du Centre 3-0 Olympic Star, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 5 : Bumamuru 1-1 Flambeau du Centre,P Louis(Bujumbura)

-Umusi wa 6 : Flambeau du Centre 0-0 Rukinzo,Ingoma(Gitega)

-Umusi w’7 : Athletico Olympic 1-1 Flambeau du Centre,P Louis(Bujumbura)

-Umusi w’8 : Flambeau du Centre 2-2 LLBS4Africa, Ingoma(Gitega)

-Umusi w’9 : Les Lierres 0-0 Flambeau du Centre,P Louis(Bujumbura)

-Umusi w’10 : Flambeau du Centre 1-2 Ngozi City, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 11 : Bujumbura City 0-3 Flambeau du Centre Louis(Bujumbura)

-Umusi wa 12 : Messager Ngozi 3-3 Flambeau du Centre, Urukundo(Ngozi)

-Umusi wa 13 : Flambeau du Centre 1-1 Flambeau de l’Est, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 14 : Flambeau du Centre 1-2 Kayanza United, Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 15 : Vital ‘ô 3-1 Flambeau du Centre, P Louis(Bujumbura)

 

Mu gace ko gusubiriza, bibonekako hariko harahinduka ibitari bike kuko ku nkino 6 imirwi yose imaze gukina, Flambeau du Centre umaze gutsindamwo 3, unganya urukino rumwe wongera utsindwa 2 bisigurako muri ako gace uwo murwi ugeze ku manota 10 atari kure ya 13 wari waronse mu gace ka mbere kose.Uku niko izo nkino 6 zagendeye uwo murwi :

-Umusi wa 16 : Flambeau du Centre 0-1 Athletico Olympic,Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 17 : Flambeau du Centre 1-0 Vital’o,Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 18 : Flambeau du Centre 1-1 Aigle Noir,Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 19 :LLBS4A 1-2 Flambeau du Centre,P Louis(Bujumbura)

-Umusi wa 20 : Flambeau du Centre 1-0 Bujumbura City,Ingoma(Gitega)

-Umusi wa 21 : Flambeau du Centre 0-2 Messager Ngozi, Ingoma(Gitega)

 

Guhindura umumenyereza w’uwo murwi birashobora kuba hari ico biriko birafasha.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire