Umurwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega wakoze igikorwa gikomeye cane mu gushobora kuja gutsindira Flambeau de l’Est ku kibuga cayo mu Ruyigi (1-2), kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2019 mu gihe hariko harakinwa inkino z’umusi wa 22 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi. Flambeau du Centre ikaba itatevye kwinjira mu rukino kuko ku munota wegereza uw’ 10 w’urukino umukinyi Bruce Manirakiza yari yinjije igitsindo ca mbere, ndetse ico gice kikaba caheze atagihindutse naho abasatirizi ba Flambeau de l’Est bagerageje uko bashoboye kwose kugirango barabe uko bogombora ariko biranka.
Mu gice ca kabiri, inguvu za Flambeau de l’Est zagumye ari zazindi ndetse ku munota wa gatandatu wonyene w’ico gice habonetse igitsindo co kugombora (1-1,51’).Kuva ubwo, imirwi yose uko ari ibiri yaciye irwana irondera igitsindo c’intsinzi, niho ku munota wegereza uwa 76 umusatirizi Yahya Sadiki yaronsa umurwi wiwe Flambeau du Centre igitsindo ca kabiri, umwanya wategekanijwe n’amategeko ukaba wanaheze ku ntsinzi ya Flambeau du Centre kuko atakindi gitsindo casubiye kuboneka muri urwo rukino.
Imbere yuko haba urukino rwa nyuma hagati ya Lydia Ludic S4Africa,umurwi Flambeau du Centre ukaba uraye mu kibanza ca 10 n’amanota 26.
Uku niko izindi nkino z’umusi wa 22 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere zagenze :
Kuwa gatanu 15-02-2019
-Messager Ngozi 5-1 Messager Bujumbura
-Rukinzo 0-1 Bumamuru FC
Kuwa gatandatu 16-02-2019
–Athletico Olympic 3-0 Olympic Star
-Flambeau de l’Est 1-2 Flambeau du Centre
-Musongati 0-1 Vital’o
-Kayanza United 0-2 Bujumbura City
-Les Lierres 1-0 Ngozi City
Kuw’Imana 17-02-2019
–Lydia Ludic S4Africa?-? Aigle Noir
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager