Mu mpera z’indwi iheze niho habaye inkino z’igice ca 32 gishira ica nyuma canke turu ya mbere y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ritanga igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu.Icibonekeje cane kuri izo nkino ni uko hagiye harinjira ibitsindo vyinshi ku nkino zitandukanye,kuko hari inkino habonetse ibitsindo birenga 10.Imirwi itandukanye yo mw’ishure Le Messager nayone ikaba yaritavye iryo higanwa aho yose yashoboye kurengana igice ca mbere c’iryo higanwa kiretse umurwi ukiri mushasha Messager Gishubi FC wo muri Komine GISHUBI intara ya Gitega watsinzwe na Inter Star ibtsindo indwi ku busa (7-0) .Ivyo bikaba bitandukanye n’ihiganwa ryo mu mwaka uheze kuko kiretse Messager Ngozi na Les Crocos FC iyindi mirwi ikaba yari yatsinzwe rugikubita.Uku niko imirwi yo mw’ishure Le Messager yigenjeje kuri izo nkino z’igice ca mbere :

-Messager Ngozi FC 7-0 Gasumo FC (Mwaro), Ikibuga Ingoma (Gitega)

Flambeau du Centre 15-1 Aigle du Parc(Ruyigi), Ikibuga Urumuri(Ruyigi)

Les Crocos FC 1-0 Zèbre FC(Gitega), Ikibuga Prince Louis(Bujumbura)

-Messager Bujumbura  4-1 La Liga Mairie (Bujumbura-Mairie), Ikibuga Prince Louis, Bujumbura

-Inter Star 7-0 Messsager Gishubi, Ikibuga Ingoma(Gitega)

 

Uku niko iyo mirwi izoca ikina mu gice kigira kabiri canke ica 16 gishira ica nyuma :

-Rukinzo FC-Les Crocos FC,ikibuga Ivyizigiro(Rumonge),kuwa 4 igenekerezo rya 10 Nzero 2019,13h00

– Flambeau du Centre-Delta Star,ikibuga Umuco(Muyinga),kuwa 4 igenekerezo rya 10 Nzero 2019,15h00

Messager Ngozi-Muzinga ,Ikibuga Umuco(Muyinga) kuwa 5 igenekerezo rya 11 Nzero 2019,15h00

Messager Bujumbura-Butare City,ikibuga Ivyizigiro(Rumonge),kuwa 6 igenekerezo rya 12 Nzero 2019,13h00

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire