Mu ndwi iheze m ntara ya Ngozi, niho harangira igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball, igikombe catahukanywe na Gymakana mu basore  na Berco Stars ku ruhande rw’abigeme. None iciyumviro coba cazananye he?

Igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball kikaba kibaye ku ncuro yaco ya mbere, twifuje kwegera bamwe mu batunganije iki gikombe banatwiganira uko batanguje iciyumviro.

Nkuzimana Aimable umwe mu bagize ishirahamwe Raising Generation rihuza urwaruka  mu ntara ya Ngozi, niwe yatanze ico ciyumviro ubwa mbere, agishikiriza abagize ishirahamwe yongera yitura ibiro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’ishirahamwe rya Basket Ball mu Burundi.

” Iciyumviro nyamukuru kwari ukugarukana umwizero hagati y’abasanzwe bari mu rukino rwa Basket Ball hano mu Burundi, vyaboneka ko hari ukudahuza. Iciyumviro ca kabiri kwari ugusubira kuryohera Urwaruka rukunda,rukanakina Basket Ball mu ku ruha akaryo ko kugaragaza ingabirano zabo.”

Mwomenya ko Umukuru w’igihugu yamaze  yemeza ko buri mwaka hazokwama haba ico gikombe nk’uko bisanzwe biri mu mupira w’amaguru, ndetse akanifuzako mu myaka iza umugwi uzoba wagitwaye uzohora userukira Uburundi mu nkino z’akarere ka gatanu ( zone 5)

Partager sur

Laisser un commentaire