Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya  12 Nzero 2019 niho haba urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ryari rimaze amezi abiri rihuza imirwi 10 y’abahumure bo mu ntara ya Ngozi.Urwo rukino rukaba rwahuje Umurwi Abawigeze FC na Freedom FC aho rwarangiye Abawigeze FC utsinze Freedom FC igitsindo kimwe ku busa (1-0).Ico gitsindo kimwe rudende cabonetse muri urwo rukino kikaba cinjijwe n’umumenyereza w’abanyezamu muri Messager Ngozi ariwe Vladmir Niyonkuru,akaba yari ateye umupira muremure kandi w’inguvu ivyatumye umunyezamu wa Freedom ananirwa no kuwufata. Ku ruhande rwa Freedom baragerageje kurabako bogombora ico gitsindo ariko ntivyakunze naho abakinyi nka Famille, Abdallah, Yasini…bari bagerageje.Ikibanza ca gatatu kikaba catahukanywe n’umurwi Maendeleo FC yatsinze Les Anciens Combattants.Vladmir Niyonkuru yafashije Abawigeze FC gutwara igikombe mugihe mugenziwe Jimmy Ndayizeye, umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi yari yafashije uwo murwi mu gutahukana intsinzi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma aho wenyene ubwiwe yinjije ibitsindo vyose bitanu kuri kimwe (5-1) aho Abawigeze FC watsinda Maendeleo FC.Nguku uko ubushimwe bwatanzwe :

Kuva ku murwi wagiye mu kibanza ca 4 gushika kuwafashe ic’icumi :amafaranga y’amarundi ibihumbi Ijana na Mirongo Itanu (150,000 fbu)

Umurwi wa gatatu(Maendeleo FC) : Amafaranga Ibihumbi Amajana Abiri y’amarundi(200,000 fbu)

-Umwurwi wa Kabiri (Freedom): Ibihumbi Amajana Abiri na Mirongo Itanu (250,000 fbu)

-Umurwi wa mbere(Abawigeze FC) :Ibihumbi Amajana Atatu (300,000 fbu) n’igikombe.

Uwurongoye ishirahamwe ry’aumupira w’amaguru mu ntara ua Ngozi yavuzeko iryo higanwa rigiye kuzobandanya ritunganywa, aho rirekuriwe kujamwo abafise kuva ku myaka 35 n’iyirenga.Urwo rukino rwa nyuma rukaba rwabereye kuri Stade Urukundo.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire