Umukinyi akina hagati mu murwi Messager Ngozi Yassin Dushime yaraye afashije umurwi w’ishure ryiwe Lycée New Life (ryo mu gisagara ca Ngozi) gutahukana igikombe mw’ihiganwa rihuza amashure yisumbuye yose yo mu Burundi.Mu rukino rwa nyuma rwabereye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17 ntwarante 2019 ku kibuga i Ngoma kiri mu gisagara ca Gitega, rukaba rwahuza iryo shure Lycée New Life na Lycée Urbain yaho nyene i Gitega.Iminota 90 y’urukino ikaba yaheze imirwi yose inganya ubusa ku bundi(0-0).Haciye hongerwa iminota 30 ari naho uwo mukinyi Dushime Yassin yinjiza igitsindo ku munota w’110 ku mupira mw’iza yari ahawe na bagenzi biwe.Urukino rukaba rwarangiye atagihindutse.Yaba uwo mukinyi,umumenyereza wiwe Alexandre Sibomana ndetse n’umuyobozi w’iryo shure Olivier Nduwarugira bakaba bemezako kuba iryo shure rifise abanyeshure bakina mu mirwi itandukanye yo mu cicaro ca mbere n’ica 2 vyafashije cane kugirango batahukane ico gikombe.Aba nibo bakinyi bakinira iryo shure basanzwe banakina mu cicaro ca mbere n’ica 2 :

Icicaro ca mbere

Messager Ngozi

1. Mvuyekure Radjabu « Temba »

2. Nizigiyimana Ismaël « Semele »

3. Dushime Yassin

4. Bizoza Karim

Ngozi City:

1. Nduwimana Hailé Shalom

2. Bigirimana Zuhaire

Icicaro ca 2:

Lumière FC

1. Bukeyeneza Jean Marie

2. Bugingo Bosco

3. Maniraduhaye Bienvenu « Dube »

Ishure ryo mu ntara y’indero ya Ngozi ryaheruka gutahukana igikombe co mu mupira w’amaguru mu mwaka w’2007,ico gihe catahukanywe n’ishure ry’ubuhinga Lycée Technique Alessandro Rossi.

Uku niko izindi nkino zagenze :

Abasore :

-Football: Lycée New Life (Ngozi) 1-0 Lycée Urbain (Gitega)

-Basketball:Ecole Internationale (Gitega) 36-89 Lycée du Lac Tanganyika (Bujumbura-Mairie)

-Volleyball : Lycée Technique Saint Luc(Buja Mairie) 3set-1 set Lycée du Lac Tanganyika(Buja Mairie)

-Handball : Lycée du Lac Tanganyika (Buja Mairie) 34-30 Lycée Technique Christ Roi(Gitega)

-Rugby : Lycée Technique Christ-Roi(Gitega) 5-7 Lycée Technique de la Plaine (Buja Mairie)

Abigeme

-Football : Lycée Technique Christ-Roi(Giega) 7-0 Esam(Muyinga)

-Basketball : Lycée Sainte Thérèse (Gitega) 33-29 Lycée Don Bosco(Ngozi)

-Volleyball: Lycée Bukeye(Muramvya) 3set-0set Lycée Technique Christ-Roi(Gitega)

-Netball: Complexe Scolaire de Busembwa(Rumonge) 84-21 Ecole la Connaissance(Muyinga)

Iyo mirwi yatahukanye ibikombe ikazoca iserukira Uburundi mu nkino z’akarere ka Africa y’Ubuseruko zihuza amashure yisumbuye zizobera i Dar-es-salaam muri Tanzania mu kwezi kw’indwi kuza.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire