Urukino rwahuje Uburundi na Gabon ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2019 rwari rwateguwe ku buryo budasnzwe ndetse no ku mpande nyishi.Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza nawene ntiyasigaye inyuma kuko ku musi wa gatanu buca urukino ruba, yaraganiriye n’abakinyi bose b’Umurwi Nserukiragihugu w’Uburundi.Nyene gushinga Ishure Le Messager akaba asanzwe ari n’umukinyi w’umupira w’amaguru yabwiye abakinyi ko bokwifata nk’ingabo z’igihugu.Enock Sabumukama umwe muri abo bakinyi,ku musi wa gatandatu urukino ruheze yabwiye Radio Umuco FM ati : « …kuri runo rukino umumenyereza yari yatubwiye ati tube nk’abasoda nk’uko Umukuru w’Igihugu yabitubwiye ejo(kuwa gatanu) ati tugiye mu rugamba,ati duharure buri munota w’urukino ico usigura ,nivyo twagiriyeko, twagiriye ku mpanuro z’abadukurira baduhaye,guhera ku mukuru w’igihugu,uwurongoye ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi hamwe n’umumenyereza »
Na Niyonkuru Hussein Shaban batazira Cabarara ntaja kure ya mugenziwe Enock, nawe yavuze ati : « …turashimira cane ubutumwa Umukuru w’Igihugu yaduhaye aho yavuzeko twebwe turi nk’abasirikare b’igihugu, kwumva ijwi ryiwe vyatumye tugira inguvu,turamushimiye cane »
Enock Sabumukama muri kino gihe akaba akinira Umurwi Zesco United wo mu gihugu ca Zambia yahoze akina mu murwi Messager Ngozi mugihe Niyonkuru Hussein Shabani Cabarara muri kino gihe akaba abarizwa mu murwi Ethiopian Coffee wo mu gihugu ca Ethiopia.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager