Mu rwandiko rwo kw’igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2019, uwurongoye Académie Le Messager Hatungimana Athanase batazira « Cokoloko » yaragenye Aimable Nkunzimana kugirango abe umuserukizi (ambassadeur) w’Ishure Le Messager mu gihugu ca Maroc, giherereye mu buraruko bw’umugabane wa Africa.Muri urwo rwandiko, uwo arongoye Ishure Le Messager akipfuzako hoba imigenderanire myiza cane hagati y’amashirahamwe y’inkino kumbure n’abagwizatunga bo muri ico gihugu ca Maroc be n’iryo shure ryigisha ivy’inkino.

Aimable Nkunzimana akaba aheruka kuronka uburenganzira bwo kuja kubandaniriza ivyigwa vya kaminuza vyo ku rwego rwo hejuru muri ico gihugu ca Maroc,ni mu bijanye n’igisata c’ubuhinga bwa none,ivyo bita Informatique ari navyo yari yaronkeyeko urupapuro rw’umutsindo muri Kaminuza ya Ngozi.Mw’ishure Le Messager, Aimable Nkunzimana akaba yari asanzwe akurikiranira hafi urukino rw’amaboko Basketball,asanzwe ari umuhagarikizi hamwe n’umukinyi w’urwo rukino.Ikindi benshi bamuziko kukaba ari uko ari mubarongoye Ishirahamwe ry’Urwaruka « The Raising Generation » rimaze gufasha gutunganya amahiganwa abiri y’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu muri Basketball.

Imwe mu nkingi z’ishure Le Messager kukaba ari ugukomeza ubucuti n’imirwi canke amashirahamwe y’inkino vyo mu bihugu bitandukanye haba muri Africa (Côte d’Ivoire, Ghana, Tunisie, Misiri, Africa y’Epfo…),i Buraya(Uburusiya,Turukiya,..),Aziya(Ubushinwa) n’ahandi.Tukabibutsako mu mwaka wa 2013 Ishure Le Messager ryitabiriye amahiganwa mpuzamakungu y’umupira w’amaguru ahuza urwaruka I Moscou(mu Burusiya),i Rize(muri Turukiya) n’i Durban(muri Africa y’Epfo).

Aimable Nkunzimana akaba yashitse muri ico gihugu ca Maroc ku musi wa mbere w’ino ndwi igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,mu masaha y’umugoroba.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Comment List

  • Lionel 22 / 02 / 2019 Reply

    Imana ibndanyvimuhezagira murayomabanga agiy kurangura

    • MessagerFC 22 / 02 / 2019 Reply

      Murakoze cane Lionel

Laisser un commentaire