Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 09 Ruheshi 2019 ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi ryarateguye gutunganya amahiganwa yo gusiganwa ku kibuga,ivyo bita course sur piste.Abanonotsi bakazohiganirwa ku birere bitandukanye haba ku ruhande rw’abahungu ndetse n’abakobwa.Ku ruhande rw’ishure le Messager bakaba biteguriye cane iryo higanwa.Adrien Sabukiza amanyereza abanonotsi ba Messager Bururi avuga ati : « Twihweje uko ihiganwa ryo mu karere k’ubumanuko bw’igihugu ryagenze,nta nkeka turizeye kuzotahukana imidari myishi na cane cane ko turi mu mirwi ya mbere izoba ifise abanonotsi benshi ».Aba nibo banonotsi umurwi wa Messager Bururi uzozana mw’ihiganwa :
Abakobwa
100m na 200m
Mbonimpa Claudine |
Ndayishimiye Nadine |
Bigirimana Claudette |
400 m
Vyukusenge Chandelle |
Niyubuntu Florence |
Niyonizigiye Annick |
Nshemezimana Dévote |
800m
Vyukusenge Chandelle |
Niyonizigiye Annick |
1500m
Nshemezimana Dévote |
Ntiranyibagira Dorine |
Ndayishimiye Nadine |
3000
Niyonemera Angélique
5000 m
Niyomahoro Micheline |
Niyonsaba Anita |
Abahungu
100m na 200 m
Riziki Jospin |
Niyubahwe Beny-Pacifique |
Kabura Désiré |
Vyizigiro Athanase |
Ishimwe Eric |
400 m na 800 m
Rivuzabagabo Danny-Martial |
Ishimwe Eric |
Irakoze Hygue Noel |
Ngabirano Jimmy |
1500 m
Bikorimana Claude |
Iteriteka Trésor |
Habumukiza Eloi |
3000 m
Intunzizi Louis |
Ndayizeye Edmond |
Bizimungu Fulgence |
Bukuru Léonce |
Ndayipfukamiye Lin |
5000m
Habarugira Jan Bosco |
Niyonkomezi Modeste |
Ntenguye Olivier |
Muri rusangi,umurwi Messager Bururi uzoserukirwa n’abanonotsi 24,ni ukuvuga abahungu 12 n’abigeme 12 hakaba harimwo abazosiganwa ku birere bibiri.Iryo higanwa rikazobera ku kibuga Olympafrica kiri mu Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager
www.lemessagerfc.org(Français)
www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)