Hafi y’igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z ‘umugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019 niho hamenyekana inkuru itari nziza yuko abakunzi b’umurwi Messager Ngozi bari bavuye kuwushigikira mu gisagara ca Bujumbura bagize isanganya barenganye gato igisagara ca Kayanza mugihe bariko baratahuka.Abagera kuri munani bakaba aribo bakomeretse baca bajanwa vyihuta kuvurirwa mu bitaro vyo mu Kayanza,nka bose bakaba bakomeretse cane ku kuboko kw’ibubamfu.Nk’uko tuvyiganirwa n’umwe mubakomeretse uwitwa Majambere Jean,ngo umudereva w’imodoka yo mwoko bwa Hiace barimwo yashatse gukatira ikino cari mw’ibarabara ariko ipine y’inyuma iruhira kugicamwo ivyatumye imodoka ica iraruka ica iranahenuka igwira uruhande rw’ibubamfu aho benshi mubakomeretse ariho bari baherereye.Abakomeretse bakaba ari :

-Majambere Jean

-Majambere Régis

-Ndiwenuwonkijije Emmanuel

-Butoyi Vianney

-Nsaguye Sylvestre

-Niyonkuru Janvier

-Munyentwari Elysé

-Nzoyisaba Sylvestre

 

Nk’igihe c’isaha zine z’ijoro ryo kuri uno wa gatatu nyene,niho bava mu bitaro vyo mu Kayanza,abaganga babakiriye bakaba bababwiyeko bane muri bo boja kubanza gukurikiranirwa mu bitaro vy’i Ngozi imbere yuko bazobandanya bivuza bari muhira iwabo.

Abarongoye umurwi Messager Ngozi bakaba barakurikiraniye hafi ibijanye n’abo bafana,Manirakiza Marc « Poshen » yatubwiye ati : « twamenye ibijanye n’iryo sanganya kandi turiko turakurikirana abakomeretse kugirango bavurwe na cane cane bakurikiranirwe i Ngozi. »

Gushika mu gitondo co kuri uno wa kane,umwe akaba ariwe atari bwashobore kuva mu bitaro vya Ngozi.

Umurwi Messager Ngozi ni umwe mu mirwi ya hano mu Burundi ufise abakunzi benshi,banakunda no kuwuherekeza aho ugiye gukina hose,tukabibutsako abo bakunzi nyene baheruka kuronswa ivyuma vy’umuziki vyo kwifashisha ku nkino zitandukanye.Ku rukino rwo kuri uno wa gatatu Messager Ngozi yari yatsinze Bumamuru ibitsindo bitatu kuri kimwe (1-3).

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

One Comments

  • Nitunga Firmin 21 / 02 / 2019 Reply

    Dieu aime son peuple, merci Seigneur de tous tes actes, j’ose espérer que leur santé va de mieux à mieux s’améliorer.

Laisser un commentaire