Umurwi Messager Ngozi waraye unganije na Bujumbura City (0-0) ku rukino rwabereye kuri uno w’Imana ku kibuga Urukundo i Ngozi,urukino rwari urw’umusi wa 11 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere ryo mu Burundi.Urwo rukino ntirwabonetsemwo umukinyi w’umusatirizi Iddy Museremu ku ruhande rwa Messager Ngozi,kubera ugukomereka.Ikindi ni uko abakinyi babiri b’uwo murwi batahejeje urwo rukino bivanye nuko bakomeretse,ndetse hakiri kare.Umukinyi w’inyuma ibubamfu  Jaffari Niyongere yatembagajwe n’umukinyi wa Bujumbura City ku munota wa 2 aca arava mu kibuga asubirirwa na Nyanzira Hamza nayo Steven Mugisha,nawene akina inyuma,yahonyoye nabi bituma nawene atabandanya gukina kuva ku munota wa 15, asubirirwa na Frank Congera.Ismael Nizigiyimana « Sémélé » naho we yashoboye kumara urwo rukino akaba yavuye mu kibuga yababaye.

Kagoma Jean Berchmans, umuvuzi  muri Messager Ngozi yagize ico avuga kuri abo bakinyi :

  1. Mugisha Steven yakwegutse imitsi yo haruguru yo mu ntege (élongation des ischio jambiers) ku kuguru kw’ibubamfu,akazomara imisi 14 ariko aravurwa.
  2. Jaffari Niyongere yababaye ku kuboko kw’iwe kw’iburyo, akazomara n’imiburiburi imisi 21 adahonyoje ukuguru mu kibuga.
  3. Nizigiyima Ismael « Sémélé » yababaye ku mitsi yegereye ijisho ry’ikirenge (cheville) ku kuguru kw’iwe kw’iburyo, akazomara n’imiburiburi imisi 10 ariko arakurikiranwa.

Inkuru iremesha,ku kaba ari uko umukinyi Iddy Museremu agiye gutangura imyimenyerezo kuva ku musi wa gatatu w’ino ndwi ndetse ngo akazoshobora gukina urukino rwo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 2 Munyonyo 2019 aho Messager Ngozi izogendera Rukinzo ku kibuga Intwari.Museremu akaba yari yababaye ku gatsintsiri (tendon d’achille) k’ukuguru kw’iburyo.

Kagoma Jean Berchmans yanagize ico avuga ku mukinyi Ladislas Mpisemwoneza,nawe amaze igihe adakina.Muri kino gihe ngo uwo musatirizi arashobora gukina naho mu misi ya mbere atokina urukino rwose.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Partager sur

Laisser un commentaire