Inyuma yaho agwiriye hasi nabi mu kibuga ku rukino rwariko ruhuza Bumamuru na Messager Ngozi,ku mus iwa gatatu uheze igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019,umukinyi akina inyuma mu murwi Messager Ngozi Lewis Vyizigiro basanze yababaye cane ndetse n’amagufa abiri ari hagati y’ikiganza n’inkokora(ayo bita radius na cubitus) akaba yaramanyutse yongera arasohoka no hanze.Kuri uno wa kane,uwo mukinyi akaba yaciye ajanwa kuvurirwa ku bitaro biri ku murwa mukuru w’intara ya Karusi,aho kumukora(opération) vyatwaye ikiringo c’amasaha agera kuri atanu ariko bikaba cagenze neza,nkuko bivugwa na Jean Berchmans Kagoma ajejwe ivy’amagara y’abakinyi muri Messager Ngozi.Uwo mukinyi akazoshobora kuva muri ivyo bitaro ku mus iwa mbere canke uwa kabiri mu ndwi iza.Kubwa Jean Berchmans Kagomango, uwo mukinyi azomara ikiringo c’amazi atatu adahonyoje ukuru mu kibuga kubera icuma bamushize muri uko kuboko kw’iburyo kwababaye.Turavye ikirangamisi c’inkino zisigaye gukinwa muri uno mwaka(zizorangira igenekerezo rya 18 Rusama),bisigurako ihiganwa ry’uno mwaka rirangiye kuri,uwo mukinyi Lewis Vyizigiro kuko naho bazomukuramwo ico cuma inyuma y’amezi atatu,bisabako hari ubundi buvuzi ategerezwa gukorerwa kugirango agarukane inguvu yahorana.Hari nko ku munota wa 85 w’urukino niho Lewis yagongana n’umukinyi wa Bumamuru,mu kurwa akaba ariho yaciye agwira ukuboko kwiwe kw’iburyo,tubibutse ko rwarangiye Messager Ngozi itsinze Bumamuru 1-3.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager
Imana iramubona nakazima igikorwa cari cazinduts cogukorwa cagenze neza gusumvya!!Imana ibandanye imugirira neza azakira