Inyuma yaho bumviyeko habaye isanganya ryatumye abakunzi b’umurwi Messager Ngozi bakomereka,abakinyi b’uwo murwi barabandanya kurungika ubutumwa bwo kwihanganisha abo bakomeretse,bakavuga ko babashimira k’ukuntu bama babafata mu mugongo, rimwe na rimwe bagahura n’ibibazo.Amin Abdul batazira « Nomono » icegera c’uwuserukira abakinyi yanditse ati : « …nagire mfate kano kanya nihanganisha abafans mwese mwahuye n’isanganya,nongera nshimira n’Imana kuba yatuzigamye ntihagira uwutuvamwo,ni ukuri turabashimira bimwe vy’imvamutima cane k’ukuntu mutwitangira mukudushigikira,Imana ibandanye ibazigama,murakoze cane. » Cédric Danny Urasenga batazira « Kagabo » ari nawe aserukira abakinyi (capitene) nawe akaba ataja kure y’icegera ciwe aho ubutumwa bwiwe buvuga buti : « Turahojeje abakunzi bacu bagize isanganya…Imana ibagenderere ibahe gukira.Tukaba dufashe akanya ko kubashimira k’ukuntu mudufata mu mugongo.Imana ikomeze ibahezagira.Turaziko rimwe na rimwe mukunda guhura n’ibibazo bitandukanye haba impanuka canke imiduga ikagira ingorane bikabaviramwo gutaha mw’ijoro gose.Hari n’ivyo tutamenya ariko vyose turaziko ari kubera urukundo mudukunda mugakunda n’umurwi wacu ariwo rwanyu.Turabashimira igikorwa canyu mukora mukunze.Muhezagirwe. »
Tubibutseko abakunzi ba Messager Ngozi bagera ku munani ariko bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa Hiace barimwo bavuye gushigikira umurwi wabo wari uhejeje gutsindira Bumamuru (1-3) i Bujumbura ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, hari kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager
Imana ibandany ibaha umutima wugushima nokwihanganisha abari mungorane Hama tubandany turi muri rwarukundo twunze nubumw!Imana ihe gukira abobavukanyi benewacu yongera ibaha ugikira kugira tuzashobor kubaturikumw munkino zikurikira!