Inyuma y’ikiringo kirenga amezi abairi,abakinyi babiri baturuka mu gihugu ca Ouganda ntibari bwemererwe gukina mu mugwi Messager Ngozi naho bahora bagira imyimenyerezo bari kumwe n’abakinyi b’uwo murwi.Intandaro ya vyose ni uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu gihugu ca Ouganda ritari bwarungikire FFB impapuro zerekanako bahora bakina muri ico guhugu.Ariko rero icabonetse ni uko hari utubazo twari twabonetse kuri buri mukinyi twatuma badashoka bemererwa gukina muri Messager Ngozi.Ku ruhande rw’umukinyi w’inyuma Mugisha Steven ni uko hatari hatomotse ukuntu yari yavuye mu murwi Police aja muri PBA FC imirwi yose yaho mu gihugu ca Ouganda.Ku ruhande rwa Kizza Allan(akina hagati),hari habaye ikibazo kijanye nuko ku mpapuro zibiri haboneka imyaka idasa ndetse n’amazina akaba yari yagiyemwo akagorane mu nyandiko yayo.Ariko rero inyuma y’amatohoza hamwe no kuvugana hagati ya Messager Ngozi be nayo mashirahamwe y’umupira w’amaguru mu gihugu c’Uburundi na Ouganda,ingorane zose zahavuye ziva mu nzira,kw’igenekerezo rya 28 Nzero niho ishirahamwe FUFA ryarungikira FFB urupapuro bita CIT rwemerera Mugisha Steven gukina muri Messager Ngozi,urupapuro rwa Kizza Allan narwo rukaba rwarungitswe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero.

Umumenyereza Jimmy Ndayizeye akaba avugako ashima kubona abo bakinyi bemerewe gukina muri Messager Ngozi, akizerako bazogira ico batererye muri uwo murwi.

Hakaba ari ku ncuro ya mbere umurwi Messager Ngozi ukinishije amakinyi bava mu mirwi yo hanze y’igihugu c’Uburundi.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

One Comments

  • Lionel 31 / 01 / 2019 Reply

    Comment :em ahonisawa kabisa kobemerew kumugaragaro izuba riva nano bazazan impinduka!Hama abafiq ijwi rigera hejuru bararab bavug bazan umu attaquant de pointe azi icakora imber yizamu kukomwino Minsi mbona umenga baduherany aba attaquants

Laisser un commentaire