Umukinyi w’umusatirizi mu murwi Messager Ngozi Ladislas Mpisemwoneza ihiganwa rigiye kurangira adakinye inkino zishika zitanu mu mahiganwa yose.Intandaro kukaba ari uko yakomeretse mw’ivi ry’ukuguru kwiwe kw’iburyo.Amakuru atangwa n’umuganga w’uwo murwi ariwe Kagoma Jean Berchmans  avugako uwo mukinyi yababaye mu kagufa kari imbere cane mw’ivi,hano mu Burundi bikaba vyaragoranye ko bamuvura.Kuri uno musi wa gatatu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2019 uwo mukinyi Ladislas akaba yajanywe kuvurirwa mu gihugu ca Kenya,ndetse akaba yajanye n’uwo muganaga w’umugwi.Naho bitaramenyekana neza uko kumuvura bizogenda,ikiboneka ni uko ihiganwa bisa nuko ryamaze kurangira kuri uwo mukinyi,Muganga Kagoma akaba yaheruka kuvugako naho bomuvura neza ,kugira ngo akire asubire akine umupira bisaba uwundi mwanya utari muto.

Uwundi mukinyi ihiganwa ryamaze kurangira muri Messager Ngozi akaba ari Lewis Vyizigiro, umukinyi w’inyuma yavunitse ukuboko ku rukino rwahuza Messager Ngozi na Bumamuru ku kibuga Prince Louis Rwagasore, haraciye ikiringo c’ukwezi.

Abandi bakinyi baheruka kuvurizwa hanze y’igihugu bakaba ari Mvuyekure Radjabu « Temba » na Uwayezu Nice Frank bajanywe mu gisagara ca Dubai na Hakizimana  Yussuf « Malouda » nawe yajanywe mu gihugu c’Ubuhindi.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

Partager sur

Laisser un commentaire