Inyuma yaho umukinyi akina ku ruhande rw’ibubamfu inyuma mu murwi Messager Ngozi ababariye akanasubirizwa ku rukino rwahuje Flambeau de l’Est na Messager Ngozi(0-0) ku musi w’Imana igenekerezo rya 21 Nzero 2018 ku kibuga Urumuri co mu Ruyigi,amakuru ava mu gisata c’ubuvuzi muri Messager Ngozi avugako uwo mukinyi yababaye kandi ko muri kino gihe bamujanye kuvurizwa mu gisagara ca Bujumbura, Hamza Nyanzira yababaye ku mitsi yo mw’itako no haruguru y’intege ariyo bita isco-jambiers,twamumanukanye i Bujumbura kumuvurizayo,bikavugwa na Jean Berchmans Kagoma umuvuzi w’umugwi,akongera akavuga ati turavye urugero rw’ububabare afise dusanga azomara hanze y’ikibuga ikiringo kiri hagati y’indwi 4 na 6,yabivuze kuri uno wa 4 igenekerezo rya 25 Nzero 2018.Bisigurako Hamza Nyanzira azosiba inkino zitari nke z’icicaro ca mbere ndetse n’inkino z’igikombe citiwe Umukuru w’igihugu.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager.

Partager sur

Laisser un commentaire