Umukinyi akina inyuma mu murwi Messager Ngozi Radjabu Mvuyekure,benshi bazi kw’izina rya Temba aramaze imisi itari mike ataboneka mu kibuga kubera uburwayi.Amakuru duhabwa n’igisata c’ubuvuzi muri uwo murwi atumenyeshako uwo mukinyi afise ingorane mu muhogo wiwe,hakaba hari akantu kavyimvye bigatuma atoshobora kubandanya akina.Ayo makuru akavugako ari ngombwako bamujana mu gihugu c’Ubuhindi kugirango bamubage ako kantu,bikaba bitegekanijweko afata urugendo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018.
Tukabibutsako n’umukinyi Nice Franky Uwayezu nawe yaheruka kuja kuvurizwa mu gihugu ca Kenya.
Elysé Niyubahwe.
Partager sur